Miss Venezuela Stefania Fernandez Wins Miss Universe 2009

Miss Venezuela Stefania Fernandez Wins Miss Universe 2009

Link to Amakuru y'u Rwanda

Miss Venezuela Stefania Fernandez Wins Miss Universe 2009

Posted: 25 Aug 2009 03:34 AM PDT

Miss Universe 2009 winner Stefania Fernandez pictures


WATCH THE CONTESTANTS IN THIS YEAR'S-2009 MISS UNIVERSE COMPETITION

FDLR I BURUNDI

Posted: 25 Aug 2009 03:30 AM PDT

AbaFDLR batangiye guhungira mu Kibira mu Burundi
burundi, fdlr, kibira
Mu burundi umushikiranganji wo kwivuna abansi n'abasubijwe mu buzima busanzwe yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho yavuze ko hoba hari bamwe mu nterahamwe n'abahoze ari abasirikare b'Urwanda batanguye kwinjira mu Burundi.

Yamenyesheje rero ko abasirikare bari mu gikorwa co kubarondera kandi ko bishoboka ko mu misi iza bashobora gufashanya n'ibindi bihugu bibanyi mu kurondera abo barwanyi.

Lit.General Niyoyankana

Muri ico kiganiro cari kigenewe abamenyeshamakuru, umushikiranganji wo kwivuna abansi Lt Gen Germain Niyoyankana yemeje inkuru zari zimaze imisi zivugwa ko hari bamwe mu barwanyi ba FDLR bamaze kwinjira ku butaka bw'Uburundi, ariko ata n'umwe barafata.


Lt Gen Niyoyankana yemeje ko mu gihe vyokenerwa, ata cobuza ko bafashanya n'Urwanda hamwe na Congo mu guhiga abo barwanyi.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yatanze impanuro ku basubijwe mu buzima busanzwe bakoreshwa n'abanyepolitike ko bokubita amaso I bweru bakibuka ubwenge, aranakubitira akagohe abasirikare bivanga muri politike ko bibujijwe n'amategeko.


SOURCE-BBC

Human Right Watch irasaba kandi TPIR gukurikirana abo muri FPR

Posted: 25 Aug 2009 03:29 AM PDT





Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu Human Rights Watch
Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu Human Rights Watch
Human Rights Watch igabisha umushinjacaha wa sentare ya Arusha ko adakurikiranye abo muri FPR bagirizwa ivyaha bizohesha sentare izina ribi

Mw'ikete ryandikiwe umushinjacaha wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu yashiriweko u Rwanda (TPIR), HRW ivuga yuko umwanya uriko uramuherana.

Umushinjacaha Hassan Jallo avuga yuko yagize ibishoboka vyose mu gutohoza ubwicanyi bwagizwe n'impande zose mu makuba yo mu Rwanda mu 1994.

Iryo kete ariko rivuga yuko umushinjacaha yashikanye imbere y'ubutungane abari inyuma ya genoside yo mu Rwanda, ariko ngo yananiwe gukurikirana abo muri FPR bagirizwa ubwicanyi.

HRW ivuga yuko FPR yagirizwa kuba yarishe abantu bari hagari y'ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n'ibihumbi mirongo ine na bitanu mu mezi atatu.

Bwana Jallow yabariye BBC ko ataco afise avuga kw'ikete rya HRW

Umwe mu bakuru ba HRW, Kenneth Roth avuga yuko ukunanirwa kw'umushinjacaha wa TPIR mu gukurikirana intwazangabo za FPR zagirizwa ivyaha, bimuhesha izina ribi co kimwe na sentare yose.

Ngo naho sentare yagize itohoza ku vyaha vya FPR ikiringo kirenga imyaka cumi kandi ikaba yaratororokanije ibimenyetso hamwe n'ivyabona, ngo bwana Jallow yabwiye umugwi w'umutekano wa ONU ko ata birego biteguye afise.

BBC yagerageje kubaza umushinjacaha Hassan Jalow ica avuga kuri iryo kete, avuga ko ataco avuga kiretse ko nawe yandikiye Human Rights Watch ayiha inyushu.


Source-BBC

No comments:

Reba Video
Related Posts Plugin for WordPress, Blogger...