Amakuru y'u Rwanda

Amakuru y'u Rwanda

Link to Amakuru y'u Rwanda

Michael Jackson,Umwami wa Hi Pop Yitabye Imana

Posted: 01 Jul 2009 11:23 AM PDT

Michael Jackson
Michael Jackson
Mu gihe haciye umunsi umwe Michael Jackson aryamiye ukuboko kw'abagabo vya giturumbuka abaganga baracarondera icamuhitanye

Jackson yanyarukanywe kwa muganga ahejeje kugwa bwa giti muhira iwe mu muji wa California.

Abajejwe gutohoza icamwishe bavuga yuko bishobora gutwara hagati y'indwi zitandatu n'umunani kugira bemeze icamuhitanye.


Michael Jackson yaguye bwa giti muhira iwe i California

Incuti ziwe n'abo bakorana bavuga yuko bari batewe impungenge n'imiti yafata imugabaniriza ububabare.

Ubutumwa bwo kumushima bwavuye hirya no hino kw'isi, uwahoze mu mugwi Beatles, Paul McCartney yavuze yuko Jackson yari "umuhungu-mugabo" afise impano nyinshi.

Ngo yari afise umutima mwiza kandi ngo umuziki wiwe uzokwibukwa ibihe bidahera kw'isi yose.


Paul McCartney: Indirimbo za Jackson zizokwibukwa ibihe bidahera

Amajana y'abantu bamukunda bagize ikigandaro hanze y'ibitaro yajanywemwo ahejeje gufatwa n'ingwara y'umutima ari muhira iwe.

Aho amakuru y'urupfu rwiwe yamenyekana, television zo mu Buyapani, mu Buhindi na Ostraliya zaciye zihindura ibiganiro vyazo.

Abajejwe imihora ya Internet bavuze yuko imbuga zuzuranye abantu bahanahana amakuru y'urupfu rwa Jackson banashaka kumenya ibishasha.

Michael Jackson apfuye hasigaye indwi nkeyi ngo aremeshe ibiteramo bikomeye; ariko naho yagurishije amamiriyoni y'inkurikirane z'indirimbo, apfuye yari afise amadeni menshi.

Apfuye afise imyaka mirongo itanu, akaba asize abana batatu yavyaye ku bagore babiri.

U Burundi Bwizihije Imyaka 47 Bwigenze

Posted: 01 Jul 2009 11:21 AM PDT

BURUNDI-FLAG
Mu Burundi, igihugu cose uno munsi ciriwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 47 irangiye kironse intahe yom kwikukira.
Ku murwa mukuru Bujumbura nihom habereye ibirori nyamukuru vyari birongowe n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yari yaronse n'abashitsi baje bava mu Rwanda no muri Zanzibar.

Kw'ibarabara ryitiriwe ukwikurira , imbere y'ikibuga c'inkino citiriwe uwarondeye iyo ntahe Louis Rwagasore, Defile y'abasirikare n'abaplisi niyo yafashe umwanya munini muri ivyo birori vyamnaze amasaha arenga ane. Abapolisi bari baronkejwe umwambaro mushasha m,u gihe bahora bidoga ko uwo bahorana wacuya ningoga kandi utari ufise ibikwiye mu biranga umupolisi.

Kuva intambara yaduka mu Burundi mu 1993, bwabye ubwa mbere abo basirikare n'abapolisi bahimbaza ibirori nk'ivyo ata murwi n'unwe urwanya leta ukivurwa, uwanyuma ukaba wabaye FNL yabishize hasi mu kwezi kwa kane guheze, umukuru wawo Agathon Rwasa uno munsi akaba yari yicaye mu bwugamwo bw'iteka hamwe n'abandi banyacubahiro. Presida NKuruniziza akubitiye kuri iyo ntanbwe uburundi bugezeko , ati abarundi n'abagabo.

N'aho ijambo nyamkuru yari yaraye barishikirije, Presida Nkurunziza yasubiye gushimikira cane ku kibazo co gukomeza amahoro igihugu cashikiriye hasesetse amaraso menshi kandi hononekaye vyinshi. Aha akagabisha uwoba ataharonkeye icigwa yohava arondera gusubira kuyahungabaya


Urwibutso rwo kwikukira

Mu bashitsi bavuye hanze baza kwifatanya n'abarundi muri ivyo birori harimwo umukuru w'izinga rya Zanzibar Abedi Karume yari kumwe n'umpfasoni wiwe, hari kandi n'umukuru w'inama nkenguzamateka y'urwanda Vincent Biruta. mu majambo bashikirije Bompi bashimikye ku bikorwa vyo guhangana n'ibibazo bisgaye biremereye uburundi, akarere mbere na Africa muri Rusangi.

Uwundi yari yitavye ivyo birori ava hanze yari uwaje aserukira Agakan Foundation rigiye kuzana imitahe mu Burundi mu bikorwa bitandukanye harimwo guteza imbere igisata co kwakira ingenzi.

Rwanda in mass circumcision drive

Posted: 01 Jul 2009 11:13 AM PDT

Rwanda in mass circumcision drive
Rwanda troops
Soldiers and policemen are being urged to be circumcised
Rwanda has launched a campaign to encourage all men to be circumcised, to reduce the risk of catching HIV/Aids.

A health minister told the BBC that soldiers, policemen and students would be asked to come forward first for circumcision.

The UN World Health Organisation has said male circumcision reduces the risk of heterosexual HIV infection.

But correspondents say it is rare in Rwanda where the majority Christian population do not practise it.

Rwanda has successfully managed to lower the spread of Aids in recent years thanks to its HIV campaign.

RWANDA IN FIGURES
Population: 8.6m
2002: One of countries worst hit by HIV
2000: 11% of adults HIV-positive
2003-6: $30.5m grant to fight Aids:
  • 12m condoms distributed
  • 500,000 tests and counselling provided
  • 5,000 patients received ARVs
  • School fees paid for 27,000 orphans or vulnerable children
  • Health insurance schemes subsidised for 52,000 homes
  • 100,000 participated in income-generating activities
  • 2007: 3% of adults HIV-positive
    2008: Campaign for all men to be circumcised

    Figures from the World Bank last year put the prevalence of Aids in the country at about 3%, down from 11% in 2000.

    "We took this decision from a statistical point of view," Innocent Nyaruhirira, secretary of state for Aids prevention, told the BBC's Great Lakes Service.

    "It is a fact that men who are circumcised are 60% more likely to be protected against HIV during sexual intercourse," he said.

    "We will start this campaign with the new born and young men in universities, the army and police."

    While it will be nominally voluntary, correspondents say many in the armed forces will regard it as an order.

    Mr Nyaruhirira said health workers would be trained to make sure there were enough people available to perform the sensitive operation.


    source-BBC

    No comments:

    Reba Video
    Related Posts Plugin for WordPress, Blogger...