Umunsi wa Sida ku Isi

Umunsi wa Sida ku Isi

Link to Amakuru y'u Rwanda

Umunsi wa Sida ku Isi

Posted: 02 Dec 2009 12:19 PM PST

jacob zuma
sida africa
President Zuma yatangaje umugambi wo kuronsa imiti abayikeneye mu gupfupfahaza ikiza ca SIDA, mu gihe bahora bavuga ko inzinvye cane.

Africa y' epfo nico gihugu ca mbere kirwiriyemwo abantu bafise ubwandu bwa SIDA, aho abana ibihumbi 59 bavukana ubwandu.

Abo bana biyongera kuri miliyoni 5,2 basanganywe umugera wa SIDA, nko mur' uyu mwaka gusa haharurwa abanduye bashasha barenga ibihumbi 413.

Mur'abo ibihumbi 59 n'abana, kandi ibice 17% vy'abantu bari hagati y'imyaka 15 na 47 bagendana umugera wa SIDA.

President Zuma ubwiwe yavuze agiye kwipimisha uwo mugera mu gihe uwo yasubiriye yagirizwa ko yabujije abantu gukoresha imiti ipfupfahaza.

Burundi-Rwanda-Human Rights Watch Irasaba U Burundi Kutirukana Impunzi z'Abanyarwanda

Posted: 02 Dec 2009 12:14 PM PST

rwanda burundi impunzi
Mw'itangazo Human Rights Watch yasohoye uno munsi yasavye leta y'u Burundi kwiyumanganya igitsure c'u Rwanda ikareka kwiruka impunzi zihahungira.

Iryo shirahamwe rivuga yuko kw'itariki ya 27 z'ukw'icumi na rimwe uno mwaka, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi yabwirije igipolisi kwirukana impunzi 103.

Ngo ivyo umushikiranganji Edouard Nduwimana yagize, Human Rights Watch ivuga yuko ari ukurenga ku mategeko mpuzamakungu.

Ariko umuyobozi w' ikigo kijejwe gukingira impunzi mu Burundi Didas Nzikoruriho, yemeza ko ata mategeko yarenzwe.

Iki kandi ngo ivyo bakora vyose bijanye no kumenya neza impamvu izo mpunzi ziza kwaka ubuhungiro n' ingingo zifatirwa, babikorana n' ishirahamwe HCR.

Impunzi z'Abanyarwanda zirenga amaja atatu zarahungiye mu buraruko bw'u Burundi muri uno mwaka zivuga yuko zihunga ugutotezwa mu Rwanda.


Source

No comments:

Reba Video
Related Posts Plugin for WordPress, Blogger...