Amakuru y'u Rwanda

Amakuru y'u Rwanda

Link to Amakuru y'u Rwanda

Liliane Murenzi, Miss Swisse

Posted: 15 May 2009 02:04 AM PDT

Miss Swisse Romande, Liliane Murenzi
Miss Swisse Romande, Liliane Murenzi
Liliane Murenzi yamuka mu gihugu c'u Rwanda niwe yarushije abandi mw'ihiganwa ry'ubwiza muri Swisse ryo muri uno mwaka.

Liliane avuka kuri se w'Umunyarwanda na nyina w'umunya Swissekazi, akaba yagiye muri Swisse akiri umwana mutoyi cane.

Ivyo vyatumye yibagira ururimi rw'ikinyarwanda, ku buryo Felin Gakwaya wa BBC yamusavye kuvuga ikinyarwanda agashobora kuramukanya gusa.

Naho avuga yuko yiyumva nk'umunya Swissekazi gusumvya uko yiyumva nk' Umunyarwandakazi, yavuze ko akunda u Rwanda kuko afise ubwenegihugu bwaho.

Liliane avuga ko yiyumva nk'umunya Swissekazi gusumvya uko yiyumva nk' Umunyarwandakazi

Liliane yatsinze iri higanwa ryari ryitabwe n'abigeme cumi na batanu, bukaba bwari ubwa mbere agiye mw'ihiganwa ry'ubwiza.

Uyu mukobwa w'imyaka 24, avuga yuko ata rindi banga yakoresheje kugira atsinde atari uko ari mwiza gusa.

Ngo ashaka kuzokoresha aya mahirwe mu gufasha abana bagwaye ingwara zidakira kuko ngo bimushika ku mutima.

Mu buzima busanzwe Liliane Murenzi yahora acapa imideri ikoreshwa n'abahingura impuzu zigezweho aho muri Swisse.

source-BBC

Impunzi z'abanyarwanda zo muri Nakivale zatangiye gutaha

Posted: 15 May 2009 02:01 AM PDT

Impunzi z'abanyarwanda zo mw'ikambi ya Nakivale ,mu gihugu ca Ouganda zatanguye gutahukanwa mu Rwanda .

Iza mbere 82 ,mu zigera ku bihumbi 20 ,zahungiye muri iyo kambi mu mwaka w'1994 ,zuriye imiduga 6 ya HCR zijanwa mu Rwanda .

Ivyo bikaba bikurikiye umwumvikano umukuru wigihugu ca Ouganda Yoweri Museveni yumvikanye na mugenzi wiwe w'u Rwanda Paul Kagame ,igihe aheruka kugendera Ouganda .

Ico gihe bapfunditse ko impunzi zose z'u Rwanda ziri ku butaka bwa Ouganda zoba zasubiye mu Rwanda imbere y'italiki 31 z'ukwezi kw'indwi kuza

Izo mpunzi zitanguye kuja mu Rwanda zigiye ku gushaka kwazo ,mu gihe hari iziriko zirakwepa zihunga ikambi zitinya ko ngo zishobora gutahukanwa ku nguvu .

Izifata ayandi mayira zinyegeza hagati muri Ouganda ,izindi nazo zigakatira muri Tanzaniya

SOURCE-BBC

ICG- intambara yo kurwanya FDLR igomba guhindurwa

Posted: 15 May 2009 01:59 AM PDT

Ikigo mpuzamahanga kijejwe amatati, ICG, giherutse gusohora icyegeranyo aho gisaba yuko umugambi wo guhiga FDLR, wiswe Kimya 2, ugiye gutangizwa n'igisirikare cya Congo gifatanije na MONUC, wakwitonderwa.

Icyo kigo kivuga yuko gukoresha ingufu gusa mu guhiga FDLR ntacyo bizigeraho, ngo byari bikwiye kwigizwa inyuma hakabanza gushishikaririza abarwanyi gushyira ibirwanisho hasi ku neza.

ICG kandi ishaka ko u Rwanda rwashyirwa muri ibi bikorwa. Ujejwe ikibazo cya Congo muri ICG, Guillaume Lacaille yabwiye BBC ko bagomba gutinza ibitero, kuko ubu hari hakwiye kubanza kugarura umutekano.

Ati abaFDLR ubu bari kugarura uduce batakaje, kandi bari gutera cyane abaturage, rero ni ngombwa ko mbere yo kugaba ibitero, bagomba kubanza gushyiraho umutekano utuma abaturage bakingirwa.

Hanyuma rero bagashishikariza abaFDLR gutahuka ku neza, na cyane cyane mu guhambira ubutegetsi bwabo bwa gisirikare ubu bufashe nk'ingwate abo basirikare babo, kuko benshi muri abo basirkare ba FDLR bashobora gutahuka haramutse habaye inzira nziza zo kubatahukana

Bwana Guillaume ati icyo dusaba n'uko hakomeza kubaho umubano mwiza hagati y'u Rwanda na Congo, ingabo z'u Rwanda zifite imyitozo ihambaye, hamwe n'ingufu kandi ibyo ntabwo ingabo za Congo zibifite, rero niba ibitero bigiye kugabwa, dusaba ko ibikorwa bimwe byakorwa n'abanyarwanda

source-BBC

No comments:

Reba Video
Related Posts Plugin for WordPress, Blogger...